Uko wahagera

Obama Kw’ifatwa Ry”Umunyalibya Yakoze Iterabwoba


AbanyaLibya bajejwe umutekano
AbanyaLibya bajejwe umutekano

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama yarakeje abasirikare bafashe Abu al-Libi, yagirizwa ibitero vy’iterabwoba.

President yongera avuga kw’uyo mugabo amaze igihe kirekire ahunga ubutungane, agiye gukubitwa intahe mu gahanga.

Umushingantahe Obama yavuze ko Abu Anas, yafatiwe mu gihugu ca Libya ku musi wa gatandatu, yafashije kandi yateguye umugambi wo gukora ibitero vya bombe vyatikije inganda kuri Ambassade za reta zunze ubumwe za amerika muri Kenya hamwe no muri Tanzania, mu mwaka w’1998.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa kabiri, president Obama yavuze kw’ivyo bibombe vyatewe mur’ivyo bihugu bibiri, vyishe abantu amajana n’amajana hamwe n’abanyamerika batari bake, kandi ngo ivyagirizo biriho.

Abasirikare ba reta zunze ubumwe za amerika bafashe uyo mugabo ku musi wa gatandatu mu gitondo, bamukuye mu modoka yiwe ku murwa mukuru Tripoli, baca bamutwara ku bwato bwa gisirikare, aho ariko arasambishwa.

Reta ya Libya iriko iridoogera iryo hagarikwa, ikaba ivuga kw’iryo, ar’inyuruzwa ry’umuntu, kandi yahagamaje ambassaderi aserukira reta zunze ubumwe za amerika mu gihugu ca Libya, kugira imubaze ivyerekeye ifatwa ry’uwo mugabo.
XS
SM
MD
LG