Uko wahagera

Umurwi M23 Ku Rudandazwa Rw’Inzahabu


Abarwanya ubutegetsi muri Congo bo mu murwi M23
Abarwanya ubutegetsi muri Congo bo mu murwi M23

Amakuru ariko aratangazwa avuga kw’abarwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo baronka amafaranga bakoresha, mu kunyuruza inzahabu

Izo nzahabu ziraheza zigashorwa mu mabanki hamwe no mu manganzine y’inzahabo vyo mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

Sasha Lezhnev n’umuyobozi w’ishirahamwe ryitwa Enough Project rifise icicaro muri reta zunze ubumwe za amerika. Avuga kw’umurwi urwanya ubutegetsi M23 ukorana n’iyindi mirwi yitwaje ibigwanisho igaba imirima y’inzahabu, hamwe n’iyi mirwi inyururuza inzahabu, ikazitwara mu gihugu ca Uganda no mu Burundi, imbere y’uko, izo nzahabu zirungikwa mu bindi bihugu.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika ejo ku musi wa kane, umushingantahe Lezhnev yavuze ko nyinshi mur’izo nzahabu zigurishwa muri Emirats z’Abarabu. Avuga kw’izo nzahabu, mu nyuma zica zirungikwa mu gihugu c’Ubuhindi hamwe no mu gihugu c’Ubusuisse.

Umurwi urwanya ubutegetsi muri Congo M23, warigeze guhakana ivyo birego.
XS
SM
MD
LG