Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Misiri


President Obama ku gihugu ca Misiri
President Obama ku gihugu ca Misiri

Reta ya Amerika yatangaje kw’ihagaritse imfashanyo ya gisirikare hamwe n’imfashanyo y’amafaranga.

Izo mfashanyo ziharurwa mu mamiliyoni y’amadolari, zahora zihabwa igihugu ca Misiri, zizoguma zihagaritswe ngo gushika abategetsi bo muri reta ya Amerika babonye intambwe iboneka mu vyerekeye gutunganya amatora hamwe no mu kugarukana reta ya gisivile, irangwamwo demokrasi.

Itangazo ryasohowe na department ya reta ya amerika, rivuga kw’iyo ngingo yafashwe ihagaritse ibikoresho bikomeye vya gisirikare. Iryo tangazo ntayindi singuro ryatangaze, yamara amakuru ya mbere ariko aratangazwa, avuga ko mu bikoresho vya gisirikare vyahagaritswe, harimwo indege z’ingwano za kajugujugu zo mu bwoko Apache; ibibombe vya missibe birasa ubwato hamwe n’ivyuma vy’ibimodoka vya blinde.

Iryo tangazo rivuga ko reta ya Amerika izobandanya gutanga imfashanyo ijanye n’amagara y’abandiu hamwe n’indero n’inyigisho, hamwe n’imfashanyo zijanye n’imigambi yo gucungera imbibe z’igihugu ca Misiri.

President Barack Obama yabwiye ikoraniro ry’ibihugu biri mw’ishirahamwe mpuzamakungu mu kwezi guheze ko reta y’igihugu ca Misiri ishigikiwe n’igisirikare, yafashe ingingo ziteye kubiri n’intwaro ya demokrasi idakumira.

Ico gihe, yari yavuze kw’imfashanyo ya Amerika ku kuntu igihugu ca Misiri kizoba kiriko kirafata inzira ya demokrasi.
XS
SM
MD
LG