Uko wahagera

Igihugu ca Syria Gishobora Kuba Nk”Urwanda


President Barack Obama ariko avuga ku gihugu ca Syria
President Barack Obama ariko avuga ku gihugu ca Syria

President Obama Aragabisha Ko Syria ishobora kumera nk’igihugu c’Urwanda.

Umushingantahe Obama, ku musi wa gatanu, yaratanze akarorero k’igihugu c’Urwanda cabayemwo ihonyabwoko mu mwaka w’1994, igihe yariko arasigura igituma reta zunze ubumwe za amerika, zikwiye gufatira imigambi ya gisirikare igihugu ca Syria.

Yavuze ko bizogorana ko reta zunze ubumwe za amerika zifata ingingo za gisirikare, mu gihe amakungu ariko aragonanwa.

Amakungu ntaco yakoze mu mwaka w’1994, igihe haba ihonyabwoko mu Rwanda.

Umushingantahe Obama aramaze gutangaza ko reta zunze ubumwe za amerika, zishobora gutera igihugu ca Syria, kubera ico gihugu cakoresheje ibigwanisho vy’ubumara n’uburozi: Yamara ibiharuro biriko biratohozwa, vyerekana kw’abanyamerika benshi badashigikiye ivyo bitero vya gisirikare.
XS
SM
MD
LG