Uko wahagera

Umurwi M23 Muri Congo Wasubije Ibigwanisho


Abagwanyi bo mu muhari M23, bariko barava mu kibanza ca Masisi na Sake ku musi wa kabiri itariki 5 z'ukwezi kw'icumi na rimwe, mu mwaka w'2013
Abagwanyi bo mu muhari M23, bariko barava mu kibanza ca Masisi na Sake ku musi wa kabiri itariki 5 z'ukwezi kw'icumi na rimwe, mu mwaka w'2013

Umurwi urwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo ku wa gatatu, waratanguye gusubiza ibigwanisho.

Ivyo bibaye umusi umwe, inyuma y’aho utangarije kw’uhagaritse intambara.

Amasanamu ya video yafashwe n’umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika, arerekana abasirikare bariko barakira ibigwanisho hamwe n’insoro muri district ya Rutshuru, mu gihe abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23, bari bicaye kw’ibarabara, bambaye impunzu zisanzwe.

Umuvugizi w’igisirikare ca reta ya Congo yari murico kibanza, Olivier Hamuli, yabwiye abamenyeshamakuru kw’urugamba rwa reta ya Congo, ariho rugitangura.

Yavuze kw’abasirikare b’igihugu ca Congo bafise umugambi wo gutuza imirwi yose yitwaje ibigwanisho iri ku butaka bwa Congo, irimwo umurwi w’abanyarwanda b’abahutu, FDLR.

Ejo ku musi wa gatatu, umukuru w’umurwi M23, Bertrand Bisimwa, yaratangaje kw’umurwi arongoye, ugiye gusubira mu buzima busanzwe kandi kw’uzobandanya imigambi yawo, ubicishije mu nzira ya politike.
XS
SM
MD
LG