Ivyo bibaye umusi umwe, inyuma y’aho utangarije kw’uhagaritse intambara.
Amasanamu ya video yafashwe n’umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika, arerekana abasirikare bariko barakira ibigwanisho hamwe n’insoro muri district ya Rutshuru, mu gihe abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23, bari bicaye kw’ibarabara, bambaye impunzu zisanzwe.
Umuvugizi w’igisirikare ca reta ya Congo yari murico kibanza, Olivier Hamuli, yabwiye abamenyeshamakuru kw’urugamba rwa reta ya Congo, ariho rugitangura.
Yavuze kw’abasirikare b’igihugu ca Congo bafise umugambi wo gutuza imirwi yose yitwaje ibigwanisho iri ku butaka bwa Congo, irimwo umurwi w’abanyarwanda b’abahutu, FDLR.
Ejo ku musi wa gatatu, umukuru w’umurwi M23, Bertrand Bisimwa, yaratangaje kw’umurwi arongoye, ugiye gusubira mu buzima busanzwe kandi kw’uzobandanya imigambi yawo, ubicishije mu nzira ya politike.