Uko wahagera

Muri Phillipne, Abantu Batatu Baraguye Mu Gihuhusi


Inzu itwawe n'imvura hamwe n'gihuhusi vy'agakura
Inzu itwawe n'imvura hamwe n'gihuhusi vy'agakura

Umuyaga w’igihuhusi simusiga hamwe n’imvura y’agakura, bitari bwaboneke gushika ubu, birasinzikaje igihugu ca Phillipines.

Ivyo biza vyasenyuye imisozi hamwe n’amazu, kandi vyahitanye ubuzima bw’abantu batari musi ya batatu.

Ibice vyinshi vy’ico gihugu, ntivyari bifise umuyagankuba hamwe n’uburyo bwo guhanahana amakuru uyu musi ku wa gatanu, igihe uyo muyaga w’igihuhusi hamwe n’imvura y’agakura, vyashika ku butaka bw’ico gihugu.

Abategesi bavuga kw’abantu batatu bamaze kuhasiga ubuzima, mu gihe abandi indwi bakomeretse.

Abantu bashika ibihumbi 700, bava mu ntara 29 z’ico gihugu, bahungishijwe.
XS
SM
MD
LG