Uko wahagera

Ubutegetsi muri Sudani y'Epfo Bwoba Bugiye Gusubiza Hamwe n'Ababurwanya?


Perezida wa Sudani y'Ubumanuko Salva Kiir, na Omar al-Béchir wa Sudani.
Perezida wa Sudani y'Ubumanuko Salva Kiir, na Omar al-Béchir wa Sudani.

Umurwi urwanya ubutegetsi mu gihugu ca Sudani y'Ubumanuko, SPLM-IO, uyobowe na Riek Machar wemeje kuri uno wa gatatu ko Machar yiteguriye guhura na Perezida Salva Kiir bamaze igihe badacana uwaka.

Ni inyuma y'aho kuri uno wa kabiri Perezida wa Sudani Omar el-Bechir avuze ko ashobora guhuza ubutegetsi bwa Sudani y'Ubumanuko n'abamaze igihe baburwanya. Ku bwa Bashir nta cobuza ko ibiganiro vy'amahoro bibera Khartoum.

Umuvugizi wa prezida wa Sudani y'Ubumanuko, Ateny Wek Ateny, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa AFP ko iyo nama hagati ya perezida Salva Kiir na Riek Machar iramutse iba yoba mu mpera z’uku kwezi kwa gatandatu.

Umurwi SPLM-IO urahakana yamara ayo makuru y'ibiganiro hagati y'izo mpande zibiri. Umuvugizi w’uwo murwi Mabior Garang Mabior asigura ko ata butumire bararungikirwa.

Riek Machar yavuze ko uko biri kose ku neza y'amahoro yoshimishwa no guhura na perezida Kiir.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG