Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Iregwa Guhohotera Agateka ka Zina Muntu


Yasmin Sooka, ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU, mu gihugu ca Sudani y'Ubumanuko
Yasmin Sooka, ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU, mu gihugu ca Sudani y'Ubumanuko

Muri Sudani y’Ubumanuko havugwa agateka ka zina muntu kahohotewe birenze urugero mu kiringo c’amezi icenda aheze. Ivyo ngo vyatewe ahanini nuko amakungu yananiwe no gushiraho sentare ijejwe ivyo bibazo, hamwe no guhana abagirwa n’ivyo vyaha.

Umukuru w’umugwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Sudani y’Ubumanuko, Yasmin Sooka, yatangaje ko ivyaha vyakozwe, na cane cane ivyo gufata ku nguvu abakenyezi, ari vyinshi cane. Sooka akavuga ko ingaruka z’avyo zitagira uko zingana. Ivyo yabitangaje kur’uyu wa kabiri, mu nama y’abajejwe agateka ka zina muntu, I geneve m’Ubuswise, aho yatangaje ko abanyagihugu bo mu bwoko bumwe bahohoterewe ubuzima n’abasirikare ba Reta.

Paulino Wanawilla Unango, umushikiranganji w’ubutungane aramirira kure ivyo birego, akavuga ko ivyashikirijwe na Yasmin Sooka bitari mu gihugu ciwe. Wanawilla Unango yatangaje kandi ko ico cegeranyo kitisunze uko Reta ya Sudani y’Ubumanuko ibona ibintu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG