Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Umukuru w'Igisirikare Yakombowe


Prezida Salva Kiir (i bubamfu), Paul Malong ( i buryo)
Prezida Salva Kiir (i bubamfu), Paul Malong ( i buryo)

Prezida Salva Kiir, wa Sudani y’Ubumanuko, yakuye mu mabanga umukuru w’igisirikare, Paul Malong, kur’uyu wa kabiri, aca amusubiriza n’uwitwa James Ajong.

Ikurwa rya Malong ribaye mu gihe har’abategetsi mu gisirikare bari bamaze iminsi batanga imihoho, bagiriza igisirikare ca Sudani y’Ubumanuko ivyaha bitandukanye, harimwo n’ihonyabwoko.

Kur’uyu wa kabiri, vyatangajwe kandi ko abantu mirongo ibiri n'indwi bapfuye, abandi mirongo itatu na batanu bagakomereka, mu mishamirano yabaye mur’iyi minsi ine iheze, hagati y’abanyagihugu bo muri ntara ya Gogrial.

Ariech Mayar Ariech, ajejwe kumenyekanisha amakuru mur’iyo ntara, yatangaje ko Reta yahavuye irungika abasirikare guhagarika iyo mishamirano. Mayar akavuga ko abo bicanyi bahunze, kandi ko ubu ibintu vyasubiye m’uburyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG