Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Abasirikare Bagirizwa Ivyaha Bitandukanye


Abasirikare ba Reta, muri Sudani y'Ubumanuko
Abasirikare ba Reta, muri Sudani y'Ubumanuko

Muri Sudani y’Ubumanuko, ubucamanza bw’igisirikare bwaciriye urubanza abasirikare bashika kuri mirongo ibiri, bagirwa n’icaha co kwica no gushurashuza ku nguvu, mu gitero bakoze ku bakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza, m’umwaka uheze.

Cumi na batatu muribo bumvirijwe na sentare y’I Juba. Bagirizwa kuba barishe, gufata ku nguvu, guhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu no kwiba mu gitero bakoze mu kwezi kw’indwi, mw’umwaka uheze. Umucamanza mukuru yatangaje ko uwuzokwagirwa n’ivyo vyaha, ashobora kuzocirwa urubanza rwo gupfa.

Ishirahamwe ry’Abaharanira agateka ka zina muntu, Human Right Watch, ryemeje ivyashikirijwe n’umuyobozi w’ihoteri, ahabereye guhohotera ubuzima bw’abakozi b’ayo mashirahamwe, aho avuga ko bafatiweko inkoho, bakongera bagashurashuzwa ku nguvu.

Urwo rubanza gwungururijwe itariki zitandatu z’ukwezi kwa gatandatu, bisabwe n’umushikirizamanza w’abashengejwe imbere y’ubutungane, kugira aje kwihweza ibirego biri kubo avugira.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko izo manza zitazotuma ukudahana bihera mu gisirikare, bivuye ko imanza zabaye kur’uyu wa kabiri zaranzwe n’utunenge tutari duke, kandi ko abasirikare bashobora guter’ubwoba abariko barabagiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG