Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Inteko Mvamakungu Ziri Hafi Gushika


Inteko mvamakungu, i Juba, muri Sudani y'Ubumanuko
Inteko mvamakungu, i Juba, muri Sudani y'Ubumanuko

Uwahora ar’icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, mu gisata c’umutekano, Herve Ladsous, yatangaje kur’uyu wa kabiri ko umugwi wa mbere w’inteko mvamakungu ugiye gushika muri Sudani y’Ubumanuko mu minsi ir’imbere. Ladsous, asanzwe ari I Juba muri kino gihe, avuga ko Reta ya Prezida Salva Kiir itegerezwa kubanza guhagarika intambara kugira ibiganiro bishoboke.

Ivyo Ladsous yabitangarije k’umugwa mukuru wa Sudani y’Ubumanuko, ari kumwe n’uwuzomusubirira mur’ayo mabanga, Jean-Pierre Lacroix. Urwo rugendo rukaba gwari rugamije kubahuza na Prezida Salva Kiir n’abandi bategetsi b’aho muri Sudani y’Ubumanuko. Ladsous amenyesha ko Sudani y’Ubumanuko yugarijwe n’ibibazo bitandukanye hamwe n’ivy’umutekano, kandi ko umuti wavyo uri muri politike.

Gushik'ubu ibiganiro vyari vyatangajwe na Prezida Salva Kiir ko bizotangura mu ntango z’uku kwezi ntibiratangura. Reta ikaba itaratangaza itariki bizoberako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG