Uko wahagera

Umujenerali Yiyonkoye Kuri Reta ya Sudani y'Ubumanuko


 Igihugu ca Sudani yo mu bumanuko caranzwe n’intambara kuva ugutana mu mitwe kwadutse hagati y’abashigikiye Reta n’abayirwanya, mu mpera z’umwaka w’i 2013
Igihugu ca Sudani yo mu bumanuko caranzwe n’intambara kuva ugutana mu mitwe kwadutse hagati y’abashigikiye Reta n’abayirwanya, mu mpera z’umwaka w’i 2013

Jenerali Thomas Cirillo Swaka, umusirikare akomeye muri Sudani yo mu bumanuko yiyonkoye kuri Reta, avuga ko perezida Salva Kiir, ariko arasambura igihugu, kw’ategerezwa gukurwa ku butegetsi.

Ivyo Jenerali Swaka, yabivugiye kw’Ijwi rya Amerika ku musi wa mbere ari mu kibanza kitamenyekanye, gatoyi inyuma yuko umurwi mushasha urwanya ubutegetsis, National Salvation Front, utangujwe.

Jenerali Swaka, avuga ko perezida Kiir ariko yica abanyagihugu, ko yahemukiye abanyagihugu. Amenyesha ko kubera izo mvo abanyasudani yo mu bumanuko bategerezwa kumukura ku butegetsi.

Igihugu ca Sudani yo mu bumanuko caranzwe n’intambara kuva ugutana mu mitwe kwadutse hagati y’abashigikiye Reta n’abayirwanya, mu mpera z’umwaka w’i 2013.

Ingwano yatumye abantu barenga imiliyoni zibiri bava mu zabo, bituma haba ikibazo c’ibifungurwa mu bice bitari bike.

Jenerali Swaka, avuga ko bazokoresha uburyo bwose bushoboka kugira bakure perezida Salva Kiir ku butegetsi.

Yararwanye mu ngwano y’ukwikukira kwa Sudani yo mu bumanuko yamaze imyaka 20.

Yari icegera c’umukuru w’igisirikare ca Sudani yo mu bumanauko imbere yuko atanga imihoho muri ayo mabanga mu kwezi guheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG