Icegeranyo gishasha c’ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch casohowe kur’uyu wa kabiri, cagiriza abategetsi icenda bari ku mpande zibiri z’abarwana muri Sudani y’ubumanuko kuba barakoze ivyaha bihungabanya agateka ka muntu kandi bishobora no kwitwa ivyaha vyo mu ntambara mu myaka ya 2016 na 2017.
Ico cegeranyo kandi gisabira ibihano abo bagabo icenda, barimwo perezida Salva Kiir, Riek Machar yahoze ar’icegera ciwe ca mbere hamwe na Paul Malong, asanzwe ar’umunyamabanga mukuru wa Perezida.
Jehanne Henry akorera HRW, igisata co k’umugabane w’Afrika, avuga ko bisunze amatohoza bakoze, abo bategetsi bagize uruhara mu bikorwa vy’ubwicanyi vyabereye mur'ico gihugu.
HRW ivuga ko abo bantu bari mu barongoye abasirikare bakora ubwicanyi kandi ataco bakoze ngo babuhagarike.
Batandatu mur’abo baza barafatiwe ibihano na ONU, birimwo kubabuza kugira ingendo mu mahanga no gufata ubutunzi bafitiye mur’ayo mahanga nyene.
Baba abari k’uruhande rw’ubutegetsi canke ababurwanya mur’abo bagirizwa ubwo bwicanyi bose barabeshuza ivyo vyagiriji HRW ibarega m’ukuvuga ko ataruhara babifisemwo.
HRW: Abategetsi 9 muri Sudani y'Ubumanuko Bakoze Ivyaha Bikomeye

Facebook Forum