Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Abasirikare Basabwa Guhagarika Intambara


Abasirikare b'Igihugu muri Sudani y'Ubumanuko (SPLA).
Abasirikare b'Igihugu muri Sudani y'Ubumanuko (SPLA).

Muri Sudani y’Ubumanuko, umutambukanyi wa John Garang, yaharaniye ubwigenge bw’Igihugu yateye akamo abasirikare ba Reta kuva inyuma ya Prezida Salva Kiir. Rebecca Nyandeng yatangarije mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika ko intambara iri mu gihugu hagati ar’inyungu ya Prezida Kiir, mu gihe abasirikare ata n’agahembo bariko bararonswa.

Nyandeng asaba abasirikare guhagarika ingwano iri hagati yabo, bakareka ingwano avuga ko itagira intumbero, yatungujwe na Prezida Kiir, kugira amahoro agaruke.

Igisirikare ca Sudani y’Ubumanuko cigabuyemwo kubiri mu kwezi kwa cumi na zibiri, mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, aho bamwe mu basirikare bafashe uruhande rwa Reta abandi bakayivako.

ONU imenyesha ko iyo ntambara yatumye abababa imiliyoni zibiri bahunga Igihugu, abandi nk’abo bagahungira mu gihugu hagati. Mu cegeranyo ONU yasohoye mu ntango z’uku kwezi, ivuga ko abanyagihugu ijana na cumi na bane, baturuka mu gisagara ca Yei, baguye mur’iyo mishamirano hagati y’ukwezi kw’indwi kw’umwaka uheze, no m’ukwezi kwa mbere, kw’uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG