Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Impunzi Zibandanya Kwiyongera


Abanyagihugu bo muri Sudani y'Ubumanuko bariko barafata imiduga bahungira mu gihugu c'Ubuganda.
Abanyagihugu bo muri Sudani y'Ubumanuko bariko barafata imiduga bahungira mu gihugu c'Ubuganda.

Imiduga yunguruza abantu, yo mu bwoko bwa bisi, irabandanya gukura abantu muri Sudani y’Ubumanuko, ibahungana mu turere two m’uburaruko bwa Uganda, ahubatse amazu bazobamwo mu minsi iri imbere. Bivugwa ko intureka zibandanya kwiyongera muri Sudani y’Ubumanuko.

Abasirikare ba Uganda bari k’umupaka bamenyesha ko bari maso ku bijanye n’uko ata mpunzi zokwinjirana ibigwanisho. Abahunga bamenyesha ko mu mabi bakorerwa harimwo amabi afatiye k’ugufata ku nguvu abakenyezi. Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryatangaje ko ibice mirongo umunani kw’ijana vy’abahunga bagizwe n’abagore hamwe n’abana.

Izo mpunzi zivuga kandi ko abanyagihugu bari m’uturere bahunga bavamwo, bugarijwe n’ibibazo vy’inzara n’ukutagira ubuvuzi. Basaba abarongozi kwemera amakosa bakitaho ibigoye abanyagihugu, kugira bubake kazoza k’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG