Uko wahagera

Abatanga Imfashanyo 6 Barishwe muri Sudani y'Ubumanuko


Itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press, ritangaza ko abakozi batandatu bakora mu mashirahamwe atanga imfashanyo baguye mu mutego batako baricwa muri Sudani y’Ubumanuko.

Ico gitero cabaye kur’uyu wa gatandatu kw’ibarabara riva I Juba k’umurwa mukuru rija mugisagara ca Pibor gihitiyemwo imirwano.

Ivyo vyashikirijwe na Eugene Owusu, umutegetsi mukuru mugisata ca ONU gitanga imfashanyo muri Sudani y’ubumanuko kur’uyu w’Imana.

Kibaye igitero gihitanye abakoze benshi bakora mu mashirahamwe atanga imfashanyo kuv’aho ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko cinjiriye mu ntambara m’umwaka w’2013.

Gushik’ubu abakozi batanga imfashanyo bashika 12 baramaze kwicwa mur’uyu mwaka w’2017, 79 nabo nibo bamaze kwicwa kuva iyo intambara itangura, nkuko Owusu abandanya abishikiriza.

Ntiyavuze ibihugu abo bakozi baturukamwo canke amashirahamwe bakorera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG