M’uburaruko bushira ubuseruko bwa Sudani y’Ubumanuko, muri Reta ya Haut-Nil, haradutse intambara mur’iyi ndwi, mu gihe bivugwa ko abasirikare ba Reta bakikuje ako karere gasanzwe karimwo abarwanyi batavuga rumwe n’ubutegetsi.
Izo ntambara zikurikiye izari zabaye mu minsi iheze mu gisagara ca Pagak, kiri k’urubibe Sudani y’Ubumanuko ihana n’Igihugu ca Etiyopiya, gisanzwe carigaruriwe n’abarwanyi, kuva mu ntango z’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane.
Ico gisagara carigaruriwe n’abasirikare ba Reta mu ndwi iheze, inyuma y’aho bataniye mu mitwe n’abo barwanyi. Yamara umuvugizi w’ubarwanyi, Lam Paul Gabriel, yarangaje kur’uyu wa gatanu ko basubiye kwigarurira ico gisagara.
Izo ntambara ziri mu gisagara ca Pagak ziyamirijwe n’abatari bake, bavuga ko Prezida Salva Kiir yarenze ku masezerano y’agahengwe yashizweho m’ukwezi kwa gatanu. Abakozi batari bake, b’abamashirahamwe y’abagiraneza, bakaba baciye bakinjura bava mur’ico gisagara, inyuma y’aho abasirikare ba Reta bakikurije ico gisagara.
Facebook Forum