Uko wahagera

ONU Irashima Ikongera Ikagaya Inyifato ya Bulaya ku Bimukira


Bamwe mu Bimukira mu bwato Aquarius bujejwe gutabara
Bamwe mu Bimukira mu bwato Aquarius bujejwe gutabara

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryakiriye neza ingingo y’izinga rya Malte irekurira ubwato bw'Abanyabulaya bujejwe gutabara kwururukiriza abimukira 141 kuri kimwe mu bivuko vyaryo.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y'uko ubwo bwato bwari bumaze imisi mw'ibahari butaronka aho bwururukira, biturutse ko ata gihugu cari bwemere kwakira abo bimukira.

Umuyobozi mukuru w'ishami rya ONU ryitaho impunzi, HCR, Fillipo Grandi yavuze ko bibabaje ko ubwato bujejwe gutabara bugumizwa mw'ibahari ama Reta yirorerera.

Izinga rya Malte ryari ryabanje kwanka ko ubwato butabara, Aquarius, bwururukiriza abo bimukira ku kivuko cabwo, riheza ryisubirako ari uko Ubufaransa, Ubudagi, Luxembourg, Portugal na Espanye vyemeye kugabanganwa abo bimukira.

Filipo Grandi yashimiye ivyo bihugu vyose ku twigoro vyagize mu kwakira abo bimukira, yongera anegura ama Reta akomeje kwigira sindabibazwa kuri ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG