Uko wahagera

Amasezerano yo Gufasha Abimukira Bagana Umugabane wa Buraya


Bamwe mu bategetsi bari mu nama yo gukemura ikibazo c'abimukira ku mugabane wa Buraya
Bamwe mu bategetsi bari mu nama yo gukemura ikibazo c'abimukira ku mugabane wa Buraya

Abategetsi b'umuryango w'ubumwe bwa buraya kuri uno wa gatanu bashitse ku masezerano ku kibazo c'abimukira. Bimwe muvy'ingenzi biri muri ayo masezrano ni ishirwaho ry’ibibanza vyakirirwamwo abimukira n'abarondera ubuhungiro mu bihugu bigize uwo muryango vyemeye kubakira.

Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko naho amasezerano bayashitseko bitoroshe, ari inkuru nziza. Macron yashimiye bagenzi biwe kuco yise "gukorera hamwe" kwabaranze mu mishikirano yatanguye ku wa kane ikaza guhera mu bucagu cagu bw'uno wa gatanu bitoroshe.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Guiseppe Conte, yavuze ko Ubutaliyano bubaye burabangira gusinya ayo masezerano. Guisepe yasiguye ko bagiye kubanza kwiyumvira ko gushiraho ibibanza vy’ukwakira abimukira ari igishoboka. Ni mugihe Ubutariyano bwari bwagerageje kuzibira ayo masezerano nbusaba ko babanza kwemeranya ko igihugu cemeye kwakira abimukira gifashwa muvy'uburyo gusumba.

Abari muri ivyo biganiro bumvikanye kandi ko bagiye kuraba ingene hoshirwaho ibibanza vy’ugusuzumiramwo abimukira mu bihugu vyo muri buraruko bwa Afrika mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy'abimukira baza bagana ibihugu vya Buraya baciye mw'ibahari ya Mediterane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG