Uko wahagera

Abihugu vya Buraya Vyemeye Kugabangana Impunzi


Ubwato Lifeline burimwo abimukira 234 bushika ku kivuko c'i Valletta, mw'izinga rya Malta, itariki 27/06/2018.
Ubwato Lifeline burimwo abimukira 234 bushika ku kivuko c'i Valletta, mw'izinga rya Malta, itariki 27/06/2018.

Inyuma y’indwi haba imibonano n’ibiganiro, ubwato bwarimwo abimukira 234 bwarahavuye buremererwa gushika ku musi wa gatatu mw’izinga rya Malta, inyuma y’aho ibindi bihugu vya Buraya vyumvikaniye kugabangana izo mpunzi n'iryo zinga.

Malta, hamwe n’Ubutaliyano, Irelande, Ubufaransa, Luxembourg, Ububiligi, Ubuholande hamwe na Portugal vyarumvikanye kugabanganya izo mpunzi. Ubwo bwato bwatabaye abo bimukira ku nkengera za Libiya ku musi wa kane uheze, bugumizwa muri Meditarane ku musi wa gatanu mu gihe ibihugu vya Buraya vyari bikiganira uko vyobakira.

Umushikiranganji wa mbere w’izinga rya Malte, Joseph Muscat yatangaje kuri uyu wa gatatu ko igihugu ciwe kizosuzuma nimba harimwo abakeneye ubuhungiro canke ari abaje kwironderera ubuzima bwiza.

Kuri uyu wa kane canke ku musi wa gatanu, abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Bulaya bazohurira mu nama i Buruseli mu Bubirigi kugira bavugane neza ingene botunganya ikibazo c’abo bimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG