Uko wahagera

Abimukira 630 Bakiriwe muri Espanye


Abimukira bakiranwe urweze bashitse ku kivuko c'i Valencia, muri Espanye, Itariki 17/06/2018.
Abimukira bakiranwe urweze bashitse ku kivuko c'i Valencia, muri Espanye, Itariki 17/06/2018.

Abimukira barenga 600 bagizwe n’abagabo, abagore hamwe n’abana benshi bava muri Afrika, baragize umunezero mwinshi n’ivyizigiro ku musi w’Imana igihe ubwato barimwo buheruka gutabarwa bwemererwa gushika ku kivuko ca Espanye.

Ubwo bwato Aquarius, bw’umuryango w’abaganga batagira imbibe, Medecins Sans Frontieres bwagerereye ku kivuko c’igisagara ca Valencia. Abari muri bwo bakiriwe n’abakorera ubushake b’umuryango utabara imbabare, Croix rouge barenga 2,300 hamwe n’abandi bakora mu mashirahamwe atanga imfashanyo, abaporisi, abaganga hamwe n’abasobanuzi.

Bakiriwe inyuma y’indwi Ubutaliyano hamwe n’izinga rya Malte vyanse kubakira ku butaka bwabo.

Espanye kivuga ko kizoba kirabakiriye imisi 45 mugihe bazoba bariko barasaba ubuhungiro muri co canke mu Bufaransa.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG