Uko wahagera

Abimukira Barenga 46 Bibiye Muri Mediterane


Ikarata yerekana Ubutaliyano n'uBuraruko bwa Afrika
Ikarata yerekana Ubutaliyano n'uBuraruko bwa Afrika

Ku musi wa mungu umushikiranganji wa Tuniziya ajejwe kwivuna abansi yatangaje ko abimukira 46 bitavye Umuremyi inyuma y'aho ubwato barimwo bwagize isanganya mw'ibahari, abandi 67 barokorwa n’abasirikare bajejwe gucungera inkengera z’amazi.

Mw’itangazo ubushikiranganji bwasohoye, bumenyesha kw’ibikorwa vyo gutabara abantu mw'ibahari bibandanya. Abo bimukira bari bagizwe n’abanyetuniziya hamwe n’abandi bantu bava mu bihugu bitandukanye.

Mu rindi sanganya, igisirikare kijejwe gucungera inkengera z’amazi muri Turukiya naco casohoye urwandiko rumenyesha kw’abantu 9 harimwo abana 6 bitavye Imana inyuma y'aho ubwato bwabo bwari butwaye impunzi cumi na zitanu, bwibiriye hafi y’ikivuko c’intara ya Antalya muri ico gihugu.

Ukugabanya igitigiri c’abimukira binjira mu gihugu c’Ubutaliyano, ni imwe mu migambi y’umugambwe ufise icivugo co kurwanya irwirirana ry’abimukira mu Butaliyano. Uwo mugambi ushigikiwe na Matteo Salvini, umukuru w’uyo mugambwe, akaba ku musi wa gatanu yarahiye icese mu mabanga y’umushikiranganji mushasha ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu.

Umugambwe wa Salvini wemereye abanyagihugu kuzohagarika abimukira bava muri Afrika, ukongera ugasubiza inyuma abimukira bashika ku bihumbi ijana buri mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG