Uko wahagera

Igihugu ca Espanye Carengeye Ubutaliyano Mu Kwakira Abimukira


Igihugu ca Espanye carengeye Ubutaliyano mu kuba igihugu ca mbere abimukira bajabuka ibahari Mediterane bariko bagerageza kuja mu karere k’i Bulaya batera bajamwo.

Ibiharuro vya nyuma vyerekana ko igitigiri c’abimukira bashika mu gihugu ca Espanye ciyongeye ibice 1,666 kw’ijana umuntu abigereranije no mu mwaka uheze, mu kugera hafi y’ibihumbi bitandatu n’amajana ane mu kwezi kwa gatandatu.

Abimukira bavuye mu bihugu vya Maroc, Guinee na Mali nibo bagize igitigiri kinini c’abantu bashasha bashika muri Espanye.

Ubutaliyano bwariyamirije ibinebaguro ku ngingo zikomeye bwafashe ku vyerekeye ikibazo c’abimukira. Abategetsi b’Ubutaliyano baraziririje amashirahamwe ategamiye Reta n’ubwato bw’abagira neza kudafasha abimukira kuviramwo mu bivuko vy’ico gihugu.

Ivyo bikwirikiye ivyabaye muri iyi ndwi aho ishirahamwe rijejwe gutabara ryo mu gihugu ca Espanye ryatoye ubwato bw’abimukira bwari basambutse buriko bureremba mw’ibahari Mediterane hafi y’igihugu ca Libiya.

Mu bisigarira vy’ubwo bwato, hatowe ibiziga vy’umupfasoni n’umwana, mu gihe uwundi mupfasoni yatabawe ari muzima. Amashirahamwe y’abagira neza yagiriza abajejwe gukingira imbibe z’igihugu ca Libiya kuba bahevye abimukira bari muri ubwo bwato.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG