Ibihugu bitanu vya Buraya vyaraye vyemeye kwakira bamwe mu bimukira bashika ku majana ane na mirongo itanu bariko baratabarwa n’ubwato bwa gisirikare ku kivuko ca Sisile mu Butaliyano. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giueseppe Conte ejo ku musi wa mungu.
Ku musi wa Mungu, mu bihugu vyavuga ko bizokwakira izo ngenzi harimwo Ubudagi, Esipanye na Portugal, bakaba kandi bemeye kwakira abimukira mirongo itanu muri buri gihugu. Ku musi wa gatandatu, Ubufaransa na Malta bemeye ko na bo bazokwakira ico gitigiri nyene.
Yamara Repubulika y'Abatcheque yo ntiyitavye ako kamo ko kwakira abo bimukira, ikavuga ko uwo mugambi wo gusabikanya abo bimukira ari inzira igana mu kuzimu.
Ubwato bumwe bw’ishirahamwe Frontex ry’ubumwe bwa Buraya, hamwe n'ubundi bw’igipolisi c’Ubutaliyano gicungera imbibe, bwose bwatabaye abo bimukira. Bwari bumaze imisi butemererwa gushika ku kivuko c'igihugu c’Ubutaliyano.
Ni inyuma y'aho umushikiranganji w’Ubutaliyano ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Matteo Salvini, amenyesheje ko ubwo bwato bwose butemerewe kuja ku kivuko ca Malta. Yavuze kandi ko kumbure bwosubiza inyuma izo ngenzi muri Libiya iyo zaje ziva.
Facebook Forum