Uko wahagera

Abimukira 46 ba Etiyopiya Bapfiriye mu Mazi Baja muri Yemeni


Abimukira 46 barapfiriye mu mazi, abandi 16 ntibazwi irengero, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiye mu mazi ku nkengera z’igihugu ca Yemen ku musi wa gatatu, bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, rivuga ko abashika 100 aribo bari mu bwato bwahagurutse buva ku kivuko c’i Bossaso muri Somaliya ku musi wa kabiri, bagenda mw’ijoro, bibira begereje gushika iyo bari bagiye.

OIM ivuga ko bose bari Abanyetiyopiya bandurutse bava mw’ihembe ry’Afrika baja kurondera ubuzi muri Yemeni no mu kigobe c’Abarabu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG