Uko wahagera

Abimukira 63 Barabuzwe Irengero muri Meditarane


Abimukira barokowe n'igisirikare c'izinga rya Malte, mu mazi mpuzamakungu, itariki 23/06/ 2018.
Abimukira barokowe n'igisirikare c'izinga rya Malte, mu mazi mpuzamakungu, itariki 23/06/ 2018.

Abimukira 63 barabuzwe irengero inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiye mw’ibahari Mediterane ku nkengera za Libiya. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’abasirikare ba Libiya bakorera mu mazi kuri uyu wa mbere abicishije kw’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ku makuru avuga ko yahawe n’abarokotse bavyiboneye.

Jenerali Ayoub Kacem yavuze ko abimukira 41 bari bambaye ijaketi zituma batibira aribo batabawe.

Amakuru atangwa n’abarokotse avuga ko abari muri ubwo bwato bari 104, imbere y’uko bwibira ku nkengera za Garabouilli, ku bilometero 50 mu buseruko bw’umurwa mukuru Tripoli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG