Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abadashigikiye Abimukira mu Budagi


Abari mu myiyerekano
Abari mu myiyerekano

Abanywanyi b’umugambwe Alternative for Germany, AFD, ku musi wa mungu barakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta ya Angela Merkel i Berlin ku murwa mukuru w'Ubudagi.

Abategetsi bavuga kw’ iyo myiyerekano y’umugambwe AFD udashigikiye iyongerekana ry’abimukira muri ico gihugu yitabwe n’abantu bashika ku bihumbi bitanu.

Igipolisi kivuga ko igihe abanywanyi ba AFD bariko bakora imyiyerekano basaba ko abimukira bagabanywa mu budagi, hari urundi ruhande rw'abarenga ibihumbi mirongo ibiri na bitanu rwabakiriye rubiyamiriza.

Umurwi w'abo mu mugambwe AFD bari bafise amabendera y’Ubudagi n’ivyapa vyanditseko “Oya idini rya Isilamu m’Ubudagi” bongera baririmba bati “Merkel ategerezwa kugenda". Abatabashigikiye nabo ku rundi ruhande bakaririmba bati:' “Nazi Genda.”

Abaporisi bashika ku bihumbi bibiri harimwo n’abaje bava mu mihingamo itandukanye y’igihugu nibo bari bacungereye umutekano w’iyo myiyerekano bagerageza ko izo mpande zibiri zidashamirana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG