Uko wahagera

Kamala Harris Yagiriza Reta ya Trump Guhisha Amakuru ya COVID-19


Mike Pence na Kamala Harris mu kiganiro cabo
Mike Pence na Kamala Harris mu kiganiro cabo

Mike Pence na Kamala Harris, ivyegera vy'abakandida bazohiganirwa amabanga y'umukuru w'igihugu muri Amerika barahariye ejo ku musi wa gatatu mu gihe hari impungenge mu gihugu ku kiza c'umugera wa Corona.

Mu mpari zamaze iminuta 90 mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu kuri kaminuza ya Reta ya Utah mu gisagara ca Salt Lake City, Pence na Harris barahanganye ku bibazo bitandukanye harimwo ivyerekeye ubutunzi, ibidukijije n’urugamba rwitezwe kw’igenwa ry’umupfasoni aherutse kugenwa na Prezida Donald Trump kugira abe umucamanza muri Sentare kizigenza y’igihugu.

Impari hagati y’abo bakandida zashimikiye bikomeye ku kiza c’umugera wa Corona inyuma yuko Prezida Trump atangaje ku musi wa gatanu w’indwi irangiye ko yanduye umugera wa Covid-19.

Kamala Harris, icegera c’umukandida, Joe Biden azoserukira umugambwe w’abademokrate mu matora yo mu kwezi kuza yavuze ko abanyamerika biboneye ubwabo ukuntu ubutegetsi bwa Prezida Trump bwabaye ubwa mbere kuva Amerika itwawe bunaniwe gukingira abanyagihugu ikiza gikomeye.

Senateri Harris yatangaje ko bari bazi ubukare bw’ikiza ca Corona kuva kw’italiki 28 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, ko yamara babinyegeje abanyagihugu. Yamenyesheje ko no muri iki gihe ata migambi bafise y’ukurwanya bikomeye ico kiza.

Mike Pence, icegera ca Prezida Trump we, yarondeye guhumuriza abanyamerika mu kuvuga ko babona ko bariko bararwanya bikomeye ico kiza.

Mike Pence na Kamala Harris barubahirije ibisabwa n’abateguye izo mpari mu bitandukanye nuko ibintu vyagenze mu ndwi iheze igihe haba incuro ya mbere y’impari hagati ya Prezida Trump na Joe Biden, umukandida azoserukira umugambwe w’abademokrate mu matora yo mu kwezi kuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG