Uko wahagera

USA: Abashika 10 Bishwe mu Gitero Kw'Ishure muri Reta ya Texas


Abajejwe umutekano bashitse kw'ishure ryisumbuye Santa Fe, ahabereye Ubwicanyi.
Abajejwe umutekano bashitse kw'ishure ryisumbuye Santa Fe, ahabereye Ubwicanyi.

Abantu 10 bishwe abandi barenga 10 barakomereka, inyuma yo kuraswa n’umuhungu w’umuyabaga kuri uyu musi wa gatanu kw’ishure ryisumbuye rya Santa Fe, muri Reta ya Texas, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Umukuru w’igiporisi muri komine ya Harris County, Ed Gonzalez yavuze ko benshi mu bapfuye ari abanyeshure.

Umutegetsi mu bajejwe umutekano yavuze ko umusore w’imyaka 17 y’amavuko, Dimitrios Pagourtzis, ariwe yarashe.

Uwundi muntu umwe avugwa ko ari umunyeshure, ari mu minwe y’ubutungane, kugira bamutohozeko.

Mw’ijambo yashikirije ari muri White House, Perezida Donald Trump yise ico gitero kimwe mu bitero bimaze igihe vyiha inkumbi mu gihugu. Yavuze ko inkoho zikwiye gukurwa mu minwe y’ababangamiye ubuzima bwabo hamwe n’ubwo abandi.

Ishure ryisumbuye rya Santa Fe ryarigeze kwugarwa mu kwezi kwa kabiri, inyuma y’aho havugiwe ko hoba harashwe amasasu muri ryo. Ico gihe nta n’umwe yakomeretse kandi n’igiporisi ntaco catoye cerekanye ko habaye amasasu.

Bubaye ubugira incuro ya 22 harashwe amasasu mu mashure muri Reta zunze ubumwe z’Amerika muri uyu mwaka

Santa Fe ni igisagara kiri mu bumanuko bushira uburengero bwa Reta ya Texas. Kiri hagati y’ibisagara vya Houston na Galveston.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG