Uko wahagera

USA: Abademokrate Biyemeje Kuzotsinda Perezida Trump mu Matora


Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abademokrate kuri uyu wa mbere baraye batanguye ikoraniro kaminuza ry’umugambwe wabo rizomara imisi ine, rigamije gufasha no getera intege umukandida wabo Joe Biden kugire azotsinde Perezida Donald Trump mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka.

Abashikirije amajambo ejo ku musi wa mbere barimwo Michelle Obama, umutambukanyi wa Perezida Barack Obama yahoze arongoye Amerika, Senateri Bernie Sanders. uwundi ni uwahoze ari guverineri w’umurepublikani wo muri reta ya Ohio, John Kasich yanahataniye ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mahiganwa y’ibanze mubarepublikana, adacana uwaka na Trump ubu yahisemwo gushigikira Biden. Yahamagariye bagenzi we mu mugambwe kutazoha amajwi Trump.

Michele Obama, mw’ijambo ryiwe, yavuze ko Biden ari umuntu w’intungane, amerika ikenewe, arangwa no kugira ivyizigiro. Yavuze ko Biden ari we azi ingene banagura ubutunzi, ingene ikiza ca Covid 19 kirwanywa, kandi yumviriza impanuro z’abahinga, akamenya n’ingene igihugu kirongorwa.

Abo bose bahisemwo gushikiririza ayo majambo bari mu ngo zabo bifashishije ubuhinga bwa videwo conference kubera ico kiza.

Kuri uyu wa kabiri, abategetsi bakomeye mu mugambwe, barimwo Bill Clinton yahoze ari perezida, umukenyezi wa Biden, John Kerry yigeze kuba umushikiranganji w’imigenderanire, Chuck Schumer arongoye umugwi w’abademokrate muri sena y’Amerika bari ku rutonde rw’abashikiriza amajambo yo gutera intege Biden. Naho ejo kuwa gatatu hazoba haramukiwe Nancy Pelosi, arongoye inama nshingamateka, Hillary Clinton yigeze kurongora Amerika, Perezida Barack Obama na Kamala Harris aheruka kugomwa na Biden ngo azomubere icegera.

Ku musi wa kane, ari nawo wa nyuma uzosozerera iryo koraniro kaminuza niho bitegekanijwe ko umukandida Biden azoshikiriza ijambo ryiwe ko yemeye guserukira umugambwe w’abademokrate mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Perezida Trump ntiyatevye gutesha agaciro iryo koraniro mu kuvuga ko mu majambo yashikirijwe ata na kimwe gikwega abantu kirimwo.

Mu ndwi iza, Abarepubliiani na bo bazoba baramukiwe , mw’ikoraniro kaminuza ryabo rizobera mu gisagara ca Charlotte, muri reta ya North Carolina, aho Trump azoshikiriza ijambo ryo kwemera guserukira abarepublikani muri manda ya kabiri ku ruhande, ijambo azoshikiriza ari mu nyubakwa ya White House.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG