Uko wahagera

Nouvelle Zelande: Imiryango Yatanguye Guhabwa Ibiziga vy'Ababo


Umuryango wabuze abawo uhagaze kw'ibarabara hafi y'umusigiti, ahiciwe ababo, i Christchurch. Italiki 17/03/2019.
Umuryango wabuze abawo uhagaze kw'ibarabara hafi y'umusigiti, ahiciwe ababo, i Christchurch. Italiki 17/03/2019.

Abategetsi muri Nouvelle Zelande kuri uyu w’Imana batanguye gusubiza bimwe mu biziga 50 vy’abantu bishwe ku musi wa gatanu mu misigiti ibiri, ku miryango yabo kugira bazopfubanwe iteka hisunzwe imigenzo ya kiyisilamu.

Umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Jacinda Ardern yavuze ko ibiziga vyose bizoba vyasubijwe ababo ku musi wa gatatu. Yavuze ko abahinga batandatu muvyo kumenya ibiranga umuntu bashitse mu gihugu bavuye muri Australiya gufasha.

Umukuru w’abo bahinga, Coroner Deborah Marshall yavuze ko bariko barakora bihuta kugira bamenye ko ikiziga gihawe umuryango waco nyakuri.

Abategetsi bagirije umwenegihugu wa Australiya w’imyaka 28, Brenton Harris Tarrant, kuba ari we yakoze ivyo bitero. Ni we wenyene apfunzwe gushika ubu yagirizwa ubwo bwicanyi.

Igiporisi muri Nouvelle Zelande cashikirije ko abandi bantu batatu bari barafashwe ubwa mbere bikiba barekuwe kuko basanze ata ruhara bagize mur’ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG