Uko wahagera

USA: Joe Biden Yahisemwo Umwiraburekazi Kamala Harris Icegera Ciwe


Joe Biden na Senateri Kamala Harris
Joe Biden na Senateri Kamala Harris

Joe Biden yahisemwo Senateri Kamala Harris, umudemokrate yatowe muri reta ya California kuba icegera ciwe mw’igihanwa ry’ikibanza c’umukuru w’igihugu. Ni ingingo yahimbaye abademokrate bamye basaba kubona umukenyezi w’umwirabure muri uwo mwanya, ubuzoba bubaye ubwa mbere mu mateka ya Amerika.

Harris w’imyaka 55 yatowe kuba umusenateri mu 2016, inyuma yo kuba umushikirizamanza mukuru wa reta ya California.

Harris yari yarahiganwe na Biden mu matora y’ibanze yo kurondera umukandida azoserukira umugambwe w’abademokrate mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka. Ariko yahisemwo kuvamwo kubwo kubura amafaranga akwiye y’imyiyamamazo.

Mu bihe vyo kwiyamamaza mu matora y’ibanze, Biden yasezeranye ko azatoranya umugore ashoboye akaba ari we uzamwungiriza, nka kandida visi-perezida bakiyamamaza hamwe.

Kuva ubwo, yahise yotswa igitutu ngo azahitemo Umunyamerika w’umwirabura mu rwego rwo guha agaciro amoko yose mu gihe imyigaragambyo yamagana ubusumbane bw'amoko yari igikomeza gufata indi ntera hirya no hino mu gihugu.

Nk'umusenateri w'icyamamare, Kamara Harris uvuka ku mubyeyi w'Umuhinde n'umwirabura w’umunyajamaika b'abimukira; akaba yaranahataniye guhagarararira ishyaka rye mu matora ya perezida, ni we wasaga nk'uhabwa amahirwe cyane.

Abandi banyamerika b’abirabura bari ku rutonde rw’abo Biden yashobora guhitamwo harimwo uwahoze ari umujyanama mu by'umutekano w'igihugu, Susan Rice utaherukaga kugaragara cyane mu bya politike. Harimo Stacey Abrams wigeze guhagararira leta ya Georgia mu nteko ishingamategeko ya leta ya Georgia kimwe na depite Val Demings uhagarariye Leta ya Florida mu nteko ishingamategeko. Abrams na Demings ariko banengwa ubunararibonye buke muri politike.

Nta mukenyezi arigera yicara ku ntebe ya perezida canke icegera ciwe mu mateka ya Amerika. Abakenyezi babiri baharaniye ikibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu mu migambwe ibiri ikomeye muri Amerika nta mahirwe baronse. Abo ni, umudemokrate Geraldine Ferraro mu 1984 n’umurepublikani Sarah Palin mu 2008. Imigambwe yabo yahavuye itsindwa mu matora ya perezida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG