Uko wahagera

Inama Kaminuza y'Umugambwe w'Abademokrate muri Amerika


Joe Biden uzahatana na Prezida Donald Trump mu matora
Joe Biden uzahatana na Prezida Donald Trump mu matora

Muri Reta unzi Ubumwe za Amerika, umugambwe w'Abademokrate, tariki 18/08/2020, ku musi wa mbere mw'ijoro,waratanguje icese ikoraniro ry'umugambwe rifise intumbero yo kugena no kwemeza umukandida wawo Joe Biden hamwe n'icegera ciwe Kamala Harris mu kibanza c'abazowu serukira mu motora ategekanijwe tariki ya Gatatu y'ukwezi kwa 11 uyu mwaka.

Abanyapolitike batari bake bakomeye barimwo Michelle Obama, umutambukanyi wa Prezida Barack Obama yarongoye Amerika mu kiringo c'imyaka umunani (2009-2017) barashikirije amajambo. Ni amagambo yashimikiye cane cane ku bumwe, ku kugwanya ikumira rifatiye ku moko hamwe no ku migambi bavuga ko izoba itandukanye n'imigambi ya reta ya Amereika muri iki gime:

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije yaravuganye na mwarimu Athanase Gahungu yigisha muri kaminuza Chicago State University hamwe n'umuhinga mu vya politike, Leonce Hakzimana, baraheza bamubwira ukuntu bakiriye amajambo yahavugiwe. Mwarimu Gahungu arabivugako iki?

please wait

No media source currently available

0:00 0:12:26 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG