Uko wahagera

Joe Biden Yemeye ku Mugaragaro Kwiyamamariza Umwanya wa Perezida


Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Joe Biden yaraye yemeye ku mugaragaro kwiyamamariza umwanya wa Perezida w'igihugu mu mugambwe w’abademokrate mu matora yo mu kwa 11.

Joe Biden yavyemeye mu ijambo yavuze mu nama kaminuza y'uwo mugambwe yaraye irangije ibikorwa vyayo ejo kuwa kane mw’ijoro, ari nawo wari uwa nyuma w’iryo koraniro kaminuza ryatanguye ku musi wa mbere. Yarishikirije mu gisagara abamwo ca Wilmington, muri reta ya Delaware.

Ijambo rya Biden ryakurikiye irya Senateri Kamala Harris aho kuwa gatatu nawe yemeye ku mugaragaro kwiyamamariza ikibanza c’icegera ca perezida.

Iri koraniro kaminuza ry’abademokarate atunganijwe hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo kubera ikiza ca corona.

Abarepublikani 74 bahoze ari abategetsi mu gisaga c’umutekano mu gihugu hagati bavuze kuri uyu wa kane banditse urwandika barasinya bemeza ko bazotora umudemokrate Joe Biden kuba perezida kuko babona ko Donald Trump arangwa n’ingendo y’ibiturire bituma atabereye kuba perezida.

Mu ndwi iza, Abarepubliiani na bo bazoba baramukiwe, mw’ikoraniro kaminuza ryabo ryari ritegekanijwe kuzobera mu gisagara ca Charlotte, muri reta ya North Carolina, ariko Trump azoshikiriza ijambo ryo kwemera guserukira abarepublikani muri manda ya kabiri, ari mu nyubakwa ya White House.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka.

Mu gihe Biden yotsinda mu matora yo kw’italiki 3 ukwa cumin a kumwe, azoca yimikwa mu kwezi kwa mbere, afise imyaka 78. Niwe azoba abaye umuperezida wa mbere atowe afise imyaka myinshi muri Amerika. Trump afise 74.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG