Uko wahagera

USA: Kamala Harris Agize Uwa 6 Ashigikiye Joe Biden


Kandida Joe Biden avugana na kandida Senateri Kamala Harris bahejeje gushikiriza imigambi yabo ya poritike i Houston, Texas, Kw'itariki 12/09/2019

Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, abakandida baheruka kuva mw’igihanwa mu matora y’ibanze mu mugambwe w’abademokrate barabandanya gushigikira Joe Biden mw’ihiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Senateri yatowe muri reta ya California, kuri uyu w’Imana yatangaje ko ashigikiye Biden.

Ni mu gihe kuri uyu wa kabiri Biden yongera guhiganwa na Bernie Sanders mu rindi tora rya kabiri muri uku kwezi ryiswe “Super Tuesday”.

Harris, akekwa n’abakurikirana poritike y’Amerika nk’umwe mu bashobora kuzohabwa ikibanza c’icegera ca perezida mu gihe Biden yoshika aho atsinda Perezida Donald Trump mu matora y’uyu mwaka. Agize uwa gatandatu mu bademocrate bariko barahiganwa mu matora y’ibanze ahaye amajwi Biden.

Kamala Harris yakinjuye muri ayo matora mu kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG