Uko wahagera

Joe Biden na Kamala Harris Baratangaza Imigambi Yabo


Abademokrate Joe Biden na Kamala Harris

Joe Biden abonwa ko ari we azoserukira umugambwe w'abademokrate mu matora ya prezida yo mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'uyu mwaka muri Amerika. Yahisemwo Kamala Harris ku musi wa kabiri kuba icegera ciwe. Baraza guseruka bari kumwe ubwa mbere uno musi ku wa gatatu.

Bitegekanaijwe ko bashikiriza ijambo mu gisagara ca Wilmington, muri Reta ya Delaware ku vyerekeye gukorera hamwe kugira bagarukane akarangamutima k’igihugu hamwe n’ukurwanira inyungu z’abanyagihugu kugira biteze imbere kandi bateze imbere igihugu cabo.

Biden yagenye icese Kamala Harris kuba icegera ciwe ku musi wa kabiri. Ni we mupfasoni wa mbere w’umwirabure afise amamuko muri Aziya yo mu bumanuko agenywe mu mabanga nkayo mu mugambwe ukomeye mu gihugu.

Mu butumwa ku rubuga Twitter, Joe Biden, yamenyesheje ko afise iteka ry’ugutangaza ko yahisemwo Kamala Harris, umuntu urwanira bikomeye inyungu z’abanyagihugu basanzwe, kandi yakoreye igihugu mu mabanga atandukanye kuba icegera ciwe.

Biden afise imyaka 77 muri iki gihe yari yiyemeje kuzohitamwo umupfasoni kuba icegera ciwe. Vyarahanahanwa cane ko Biden azohitamwo umupfasoni w’umwiraburekazi.

Kamala Harris, afise imyaka 55 muri iki gihe, yavukiye mu gisagara ca Oakland muri Reta ya California. Abavyeyi biwe ni abimukira. Se wiwe ava muri Jamayike mu gihe nyina yava mu Buhindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG