Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abashigikiye Navalny Atavuga Rumwe na Reta y'Uburusiya


Bamwe mu bakoze imyiyerekano

Polisi y’Uburusiya yataye muri yompi abaharurwa mu majana bashigikiye umunyepolitike, Alexei Navalny, atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihugu bazindukiye mu myiyerekano.Mu bahagaristwe, harimwo umupfasoni wa Navalny. Mu butumwa yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Madamu Yulia Navalnaya yashizeko ifoto yiwebiboneka ko yafatiwe ahantu hatabona agira ati: “Mumbarire aho ndiamatara ntiyaka neza.”

Abazindukiye mu myiyerekano yakorewe mu bisagara birenga 60 vy’Uburusiya bariko basaba ko UmunyepolitikeAlexei Navalny arekurwa atakirinze gusabwa. Mu gisagara citwa Khabarovsk gihana urubibe n’Ubushinwa, polisi yaho yatanye mu mitwe n’abiyerakana, igerageza kuburizamwo iyo myiyerekano yabo.

Hagati aho, amwe mu makaminuza atandukanye muri ico gihugu yagabishije abanyeshure bayo ko uwuzofatwa ari muri iyo myiyerekano azofatirwa ibihano birimwo ukwirukanwa kw’ishure. Ni mu gihe polisi nayo yagabishije abazoyikora muri rusangi n’abamenyshamakuru bazokora amakuru yayo.

Umuvugizi w’Ubuserukizi bw’Amerika mu Burusiya, Rebecca Ross, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yavuze ko ivyegeranyo bafise vyerekana ko abatawe muri yompi bariko biyerekana mu mahoro, yongera asaba Uburusiya kwubahiriza Uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro biciye mu myiyerekano.

Imyiyerekano y’uno wa gatandatu ni yo ya mbere ibaye kuva Alexei Navalny ava mu Budagi yamazemwo igihe yivurizamwo ishano bivugwa ko yahawe n’abari muri Reta. Uwo munyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi yahagaristwe agishika ku butaka bw'Uburusiya avuye kwivuza. Reta y'ico gihugu yamirira kure ivyagiriji vy’uko ari yo yahaye iryo shanoNavalny

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG