Uko wahagera

Alexei Navalny Ntiyemerewe Kwitoza Kuba Perezida w'Uburusiya


Alexei Navally ni umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta y'Uburusiya ya Poutine

Sentare nkuru y’Uburusiya yemeje ingingo yo kwaka Alexei Navalny uburenganzira bwo guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka. Navalny ni umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta.

Iyo sentare yemeje iyo ngingo yari yafashwe n’ibiro bijejwe gutunganya amatora mu Burusiya. Ivyo biro vyafashe ingingo yo kwima Navalny uburenganzira bwo kwitoza kumvo z’uko afise dosiye imukurikirana mu butungane.

Navalny n’abamushigikiye bavuga ko ivyo yagirizwa mu butungane bifatiye kumvo za politike. Ahubwo ahamagarira imyiyerekano mu gihugu cose kw’itariki 28 z’uku kwezi kwa mbere. Iyo myiyerekano ni iyo kwiyamiriza itunganywa ry’amatora ya perezida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG