Uko wahagera

Uburusiya: Umunyepolitike Navalny Yari Yatawe muri Yompi Yarekuwe

Abaporisi mu Burusiya bateruye uwutavuga rumwe na reta Alexei Navalny, hagati, mu myiyerekano yiyamiriza iyimikwa rya Perezida Vladimir Putin i Moscou, mu Burusniya, itariki 5/05/2018. Thousands of demonstrators denouncing Putin's upcoming inauguration into a fourth term gathered Saturday in the capital's Pushkin Square. (AP Photo)

Alexei Navalny umunyepolitike atavuga rumwe na reta kandi azwi cane mu Burusiya yarekuwe n’igipolisi inyuma yo gutabwa muri yombi we n’abamushigikiye amajana n’amajana. Bose bafashwe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza iyimikwa icese rya Prezida Vladimir Putin muri manda yiwe ya kane.

Ibirori vyo kwimika Prezida Putine bitegekanijwe kuba kuri uyu wa mbere itariki indwi z’ukwa gatanu. Imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyo birori yari yateguye ku mugwa mukuru i Moscow no mu bisagara mirongo icenda vy’igihugu c’Uburusiya.

Navalny yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ko yarekuwe ku musi wa mungu.

Ejo ku musi wa gatandatu niho Navalny kumwe na mugenzi we Nikolai Lyaskin bafatwa batabwa muri yompi inyuma y’iminota mike Navalny ashitse mu kibanza c’imyiyerekano hagati mu gisagara ca Moscow.

Navalny ni umunyepolitike yimwe uburenganzira bwo kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka. Ejo ku musi wa gatandatu yari yabanje kwinyegeza kugira ntafatwe n’igipolisi atarashika mu kibanza c’imyiyerekano ca Pushkinskaya Square. Amaze gufatwa, yagirijwe ukugumura abanyagihugu mu myiyerekano itari yemewe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG