Uko wahagera

Alexei Navalny Yatawe mu Mvuto Agishika i Moscou


Navalny ageze aho basuzumira passeport ku kibuga c'indege i Sheremetyevo
Navalny ageze aho basuzumira passeport ku kibuga c'indege i Sheremetyevo

Alexey Navalny atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya yimwe uburenganzira kuri uyu w’Imana bwo kwinjira mu gihugu igihe yashika ku kibuga c’indege i Moscou. Bubaye ubwa mbere atahuka mu gihugu ciwe kuva igihe aherewe uburozi mu kwezi kw’umunani.

Mu rugendo ava mu Budagi, Navalny yafungiwe ku kibuga c’indege c’i Sheremetyevo. Uwumuburanira yari kumwe nawe muri urwo rugendo yankiwe kumuherekeza.

Abategetsi b’Uburusiya bavuze ko Navalny atubahirije igihe yari yaratumweko kuburanishwa kandi ko ubutungane bubwirizwa kumukurikirana.

Abayoboke biwe bashika 2000 bari bateguye guhura nawe ku kibuga c’indege.

Mu kwezi guheze, ubutegetsi bw’amabohero mu Burusiya bwategetse ko ataha mu gihugu kubazwa n’ubutungane canke ashobora gufungwa adatahutse imbere yuko ikiringo yahawe kirangira.

Kubw’amategeko ya sentare, ashobora kuzocirirwa gufungwa imyaka itatu n’igice.

Navalny yakitswe n’amagara ari mu ndege iva mu gisagara ca Tomsk yerekeza i Moscou mu nyuma, aca atwarwa kuvurirwa mu Budagi.

Ibipimo vyerekanye ko yahawe ishano, bituma umuryango w’ubumwe bwa Bulaya ufatira ibihano abategetsi batandatu b’Uburusiya bagirizwa kubigiramwo uruhara. Ariko Ubutegetsi bw'Uburusiya Bwarahakanye ivyo bwagirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG