Uko wahagera

Uburusiya Bwaziririje Abandi Bategetsi b'Ubulaya ku Butaka Bwabwo


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin

Leta y'Uburusiya yabigize kubera ibihano Umuryango w'Ubulaya wafatiye ico gihugu ku bijanye n'isumu ryahawe umunyapolitike atavauga rumwe na reta, Alexei Navalny

Mu kwezi guheze, abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya barafatiye ibihano abategetsi 6 b’Uburusiya n’ikigo kijejwe ubushakashatsi c’ico gihugu bifatiye kw’isumu Navalny yahawe.

Mw’itangazo ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya bwasohoye uno musi aku wa kabiri, bwise ibihano vy’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, ingingo ya politike yafashwe mu ntumbero y’ukurondera guhangana.

Iyo ngingo y’Uburusiya ifashwe umusi umwe inyuma yuko Navalny, umunyapolitike amaze igihe kinini arwanya prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ashize ahabona ivyo avuga ko ari ivyo yaganiye kw’itelefone n’uwikekwa ko ari mu bajejwe umutekano w’igihugu. Itangazamakuru rivuga ko ari mu murwi uvurwa ko wakwirikiranye Navalny mu kiringo c’imyaka itari mike.

Mu majwi yafashwe kw’itelefone, uwo muntu aravuga ido n’ido ku kugene igikorwa c’uguha isumu Navalny cagenze.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ntibwamenyesheje amazina y’abategetsi b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya batemerewe kwinjiira ku butaka bw’Uburusiya canke igihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG