Uko wahagera

Ibihano ku Baroze Navalny Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi bw'Uburusiya


 Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya
Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ejo ku wa kane buzofatira ibihano abantu batandatu bagirizwa guha uburozi, Alexei Navalny, atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya.

Iryo shirahamwe rizohana kandi ihinguriro ryakoze ubwo burozi. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru ryavuze ko urwandiko ruriko amazina y’ababwirizwa guhanwa rwemejwe n’ibihugu 27 vyose bigize Iryo shyirahamwe. Ibihano bikazotangura kuja mu ngiro ayo mazina agiye ahabona ejo.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire y’ibihugu bibarizwa mu bumwe bwa Buraya bari bemeranije kuwa mbere ku bwoko bw’ibihano vyohabwa abo bantu batandatu n’iryo hinguriro, bashingiye ku vyateguwe n’Ubufaransa bufatikanije n’Ubudagi. Ivyo bihugu vyatanze ibimenyetso “vyemeza ko abazohanwa bose bagize uruhara mu guha ishano Alexeï Navalny”.

Bitegekanijwe ko abazohanwa bafatirwa amatungo yabo, bakongera bakakwa uburenganzira bwo gukora ingendo ku butaka bw’ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG