Uko wahagera

Alexei Navalny Yongeye Gufungwa


Alexei Navalny aho yashika imbere y'ubutungane mu kwa gatanu
Alexei Navalny aho yashika imbere y'ubutungane mu kwa gatanu

Alexei Navalny atavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burusiya kuri uno wa gatandatu yongeye gutabwa mu mvuto.

Umuvugizi wiwe, Kira Yarmysh, yavuze ko naho ico afungiwe kitaramenyekana ashobora kuba yazize imyiyerekano yarikoarategura.

Mu gatando k’uno wa gatandatu, Navalny yari yatangaje ku rubuga rwiwe ntaramakuru “Blog” ko atagekanya gutunganya iyindi myiyerekano yo kwiyamiriza Reta ya perezida Vladmir Putin ku murwa mukuru Moscow,no mu bindi bisagara biharurwa mw’ijana kw’igenekerezo ry’icenda mu kwezi kuza, itariki bitegekanijwe ko izoberako amatora y’abakuru b’ibisagara.

Alexei Navalny hari haheze amezi abiri arekuwe inyuma yo kwagirizwa gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegesti bwa Perezida VladmirPutin bidaciye mu mategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG