Uko wahagera

Navalny Yasavye Abarusiya Kutitaba Amatora


Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burusiya kandi atemewe nk'umunyapolitike.

Umunyepolitike Alexei Navalny, atavuga rumwe na Leta y’Uburusiya, yateye akamo gasaba abanyagihugu kutitabira amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’itariki ya 18, ukwezi kwa gatatu, mu mwaka uza.

N' inyuma y'aho umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burusiya, kur' uno wambere, watangaje ko Alexei Navalyn ata burenganzira afise bwo guhiganirwa muri ayo matora kubera ivyaha vyo kunyuruza amatungo y’igihugu yagirizwa kuva mu mwaka wa 2009.

Ingingo y’umurwi utunganya amatora mu Burusiya, isohotse inyuma y’umusi umwe , Navalyn, avuze kw' ivyo asabwa vyose kugira yitoze nk’umukuru w’igihugu, abikwije.

Mu ntango za k’uno kwezi kwa cumi na kabiri, Prezida w’Uburusiya Vladimir Poutine, yavuze ko yiteguriye kwitoreza ikiringo ca kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG