Uko wahagera

Alexei Navalny Yitwariye Uburusiya

Alexei Navalny, Umunyaporitike atavugarumwe n'Ubutegetsi mu Burusiya muri sentare y'Uburayi ijejwe ivy'agateka ka zina muntu, Strasbourg, France, Ukwezi kwa mbere, itariki 24, 2018.
Alexei Navalny, Umunyaporitike atavugarumwe n'Ubutegetsi mu Burusiya muri sentare y'Uburayi ijejwe ivy'agateka ka zina muntu, Strasbourg, France, Ukwezi kwa mbere, itariki 24, 2018.

Alexei Navalny atavugarumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya yitwariye Perezida Vladimir Putin muri sentare y’Uburayi ijejwe ivy’agateka ka muntu.

Navalny yituye sentare y’Uburayi iraba ivy’agateka ka muntu kur’uyu wa gatatu avuga ko kwama ariko arahagarikwa n’abategetsi b’Uburusiya bifise imvo za poritike kandi ari ukumwima ivyo arekurirwa n’amategeko.

Navalny yariyamamarije amatora y’umukuru w’igihugu yo mur’uku kwezi kwa gatatu itariki 18 ariko yarakuwe mw’ihiganwa na komisiyo y’amatora, imwagiriza ivuga ko kuba ubutungane bumurega guhungabanije umutekano bimukura mw’ihiganwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG