Uko wahagera

Umugambwe wa Putin Watakaje Ibibanza mu Nama Nshingamateka


Bamwe mu banyagihugu bariko baratora
Bamwe mu banyagihugu bariko baratora

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burusiya, United Russia, watakaje ibibanza bitari bike mu nama nshingamateka.

Mu matora yabaye ku wa Mungu ibitigiri vyerekana ko uwo mugambwe ufise intebe 25 kuri 45 zigize inama nshingamateka. Mu 2014, United Russia wari ufise intebe 38.

Abakandida bari bashigikiwe n’ubutegetsi batakaje ibibanza mu burere 20 kuri 45 bugize umurwa mukuru w’Uburusiya, Moscou.

Alexeï Navalny atavuga rumwe na Reta yo mu Burusiya n’abamushigikiye ntibemerewe kwitoza muri ayo matora. Navalny yari yahamagariye abanyagihugu gutora « Neza » mu ntumbero yo gutsinda abari ku ruhande rwa Perezida Vladmir Putin kugira hashobore kuboneka impinduka.

Abakurikirana Politike y’Uburusiya bavuga ko bigoye kumenya nimba ibibanza umugambwe uri ku butegetsi watakaje wabibuze kubera ako kamo ka Alexeï Navalny, kuko abanyagihugu benshi bidogera ubutegetsi buhari kubera ahanini ubukene babayemwo n’itunganywa ridashemeye rya politike yo gukukuruka.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Alexeï Navalny, yigamvye intsinzi ashimira abatoye bose yongera avuga ko ano matora azokwama yibukwa mu mateka y’Uburusiya.

Imwe mu mikenyuro yari yafashwe n’umugambwe uri ku butegetsi mu Burusiya mu ntumbero yo gutahukana ibibanza bitari bike muri ano matora, harimwo ugutanga abakandida bo mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike. Ni umukenyuro ataco wahinduye.

Hagati aho, umukuru w’akana ka ONU kajejwe agataka ka zina muntu, Michelle Bachelet yasavye ko hugururwa amatohoza kw’ihohoterwa polisi yoba yarakoreye abakoze imyiyerekano yabanjirije ayo matora.

Abagera ku 2700 ni bo bamaze kumenyekana ko batawe muri yompi bagirizwa gukora imyiyerekano itemewe n’amategeko. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi nka bose n’abatunganije iyo myiyerekano basabiwe gufungwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG