Uko wahagera

USA Ivuga ko Itewe Impungenge n'Ivyashikiye Alexei Nevalny


Reta ya Amerika yavuze kuri uyu wa kabiri ko ibabajwe cane n’ivyavuye mu bipimo vyakozwe ku wutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya, Alexei Navalny, akekwa kuba yarahawe ishano na reta y’Uburusiya.

Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire, Mike Pompeo, yavuze ko mu gihe kwoba ari ukuri, Amerika yoca yifatanya n’Ubulayi mu gusaba amatohoza yimbitse no kubifashamwo.

Reta y’Uburusiya yarahakanye ko yagize uruhara kuvyashikiye Navalny, ubu akiri muri coma mu bitaro mu Budagi inyuma yo kugwarira mu ndege yari imukuye muri Siberiya agana i Moscou.

Indege Navalny yarimwo yarahakanye ko ata bifungurwa yamuhaye. Navalny yabonywe ariko aranywa ikawa ku kibuga c’indege akirindiriye indege.

Navalny ni umunyepolitike akunze gukora amatohoza ku biturire biribwa mu Burusiya kandi ni umwe mu banegura cane Perezida Vladimir Putin. Shanseliye w’Ubudagi Angela Merkel hamwe n’abandi bategetsi b’abanyabulaya basavye Uburusiya gukora amatohoza yuzuye.

Icegera c’umushikiranganji w’Amerika w’imigenderanire, Stephen Biegun, vyari vyitezwe ko iki kibazo akivuga mu rugendo yatanguye mu Burusiya kuri uyu wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG