Uko wahagera

UE Isaba Irekurwa rya Navalny Atavuga Rumwe na Reta y'Uburusiya


Umukuru w'akanama gakuru k'umuryango w'ubumwe bwa bulaya, Charles Michel
Umukuru w'akanama gakuru k'umuryango w'ubumwe bwa bulaya, Charles Michel

Umukuru w'akanama gakuru k'umuryango w'ubumwe bwa bulaya, Charles Michel yavuganye kuri telefone na prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin aho yamusavye kurekura umunyapolitike atavuga rumwe na reta yiwe, Alexei Navalny.

Uyu munyapolitike Navalny yatawe mu mvuto mu Burusiya ku musi w’Imana inyuma y’uko atahutse avuye mu Budagi aho yari yagiye kuvurirwa. Bwari bubaye ubwa mbere agaruka mu gihugu ciwe kuva ahawe isumu.

Umuyobozi w’Ubulaya, Charles Michel, avuga ko yabwiye Prezida Putin ko uwo muryango wiyamiriza ipfungwa rya Navalny. Yasabye kandi abategetsi b’Uburusiya gukoresha itotoza ribereye mu muco kw’igeregezwa ry’ukugandagura uwo munyapolitike atavuga rumwe na reta.

Navalny avuga ko Prezida Putin ari inyuma y’abagerageje kumugandagura. Yamara abategetsi b’Uburusiya bavyiyamiriza, basigura ko ata vyemezo babonye vy’uko yahawe isumu mu kwezi kw’umunani kw’umwaka urangiye w’i 2020.

Vyitezwe ko, ku musi wa mbere i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi, abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya bihweza ibindi bihano ku bantu boba baragize uruhara mw’igeragezwa ry’ukugandagura Navalny.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG