Uko wahagera

Burundi: 3 Barimwo Umutama, Umutamakazi n'Umwana Baraye Bishwe


Ikigwanisho ca Grenade
Ikigwanisho ca Grenade

Abantu batatu bagizwe n'umutama n'umutamakazi n'umwana barishwe mw'ijoro ryo kuri uyu wa mbere rishira uwa kabiri mu ntara za Kayanza na Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi.

Muri komine Gahombo, intara ya Kayanza mu buraruko, abishwe baba ku mutumba wa Ruzingati. Ni umutamakazi w’imyaka 60 n’umwuzukuru wiwe. Abagizi ba nabi bateye grenade mw’ijoro mu gihe uwo mukamakare n’umunega wiwe bari baryamye bari kumwe n’umwuzukuru wabo w’umuhungu. Umukecuru n’umwuzukuru baciye bapfa ubwo nyene. Uwo mutama we yarakomeretse.

Abajejwe intwaro ku nzego zo hasi n’ubwo batashimye ko amajwi yabo yumvikana, bemeza ko itari incuro ya mbere uno muhana uterwa. Igipolisi cemeza ko catanguje amatohoza. Ayandi makuru Ijwi ry’Amerika ryamenye ariko atawurayemeza canke ngo ayahakane n’uko indyane zifatiye ku matongo zishobora kuba ari zo ntandaro ya buno bwicanyi.

Gusa ababanyi co kimwe na musitanteri wa Gahombo, Sylvestre Ntunzwenimana, bamenyesha ko uyu muryango wabana neza na bose. Ntunzwenimana aramutswa komine Gahombo avuga ko ariko ategura uko aba bahisi bafubanwa iteka ku buryo bwa komine.

Mu ntara ya Cibitoke bihana rubibe na Kayanza naho nyene ni umutama w’imyaka 65 yishwe. Lazard Sakubu yaciwe izosi n’abantu bataramenyekana mu gihe yariko aratahuka. Ni muri zone Nyamakarabo, komine Mugina mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Muri komine Mugina hamaze kwicwa abantu batanu kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka. I Nyamakarabo honyene hamaze kugwa batatu. Bose bazira urwikekwe ko ari abarozi.

Jeremie Barasokoroza, umwe mu bakuru b’imitumba muri zone Nyamakarabo abigereranya n’ubujuju. Asaba ubutungane guhagurukira ubu bugizi bwa nabi. Beatrice Nzambimana, umukenyezi wa nyakwigendera amenyesha ko kugeza ubu ata mpamvu n’imwe abona yari gutuma ahekurwa.

Si umupfasoni Nzambimana wenyene amaze imisi ahekurwa n’ibitero vy’ama grenade mu Burundi. Ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura mw’ijoro ryo kuwa 25 uku kwezi no ku mugwa mukuru w’intara ya Muramvya imisi ibiri yakurikiyeho hagati na hagati mu gihugu abantu batari musi ya bane baraguye mu bitero vy’ama grenades abarenga 80 barakomereka nk’uko amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’amasoko yaryo avyemeza. Umuvugizi wa Reta Prosper Ntahorwamiye agereranya ibi bitero n’ibikorwa vy’iterabwoba.

Kuva hagati mu kwezi kwa kane uyu mwaka, n’imiburiburi abantu 23 ni bo bamaze kugwa mu bitero vy’abantu bitwaje ibigwanisho mu ntara za Muramvya na Mwaro hagati na hagati mu Burundi, n’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura n’intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG