Uko wahagera

Burundi: Igitero ca Grenade Cahitanye Umwe Gikomeretsa Abarenga 20


Bamwe mu ba polisi b'Uburundi
Bamwe mu ba polisi b'Uburundi

Umuntu umwe yarapfuye, abarenga cumi barakomereka mu gitero ca grenade mw'ijoro ryo kuri uyu wa gatatu muri zone ya Buterere mu buraruko bw'umugwa mukuru Bujumbura.

Umwe mu baraye mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe, MSF, biriko bivurirwamwo abakomeretse yemeza ko yiboneye abantu bagera kuri 20 bakomeretse.

Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu kwirinda ibigwi vyo gukoranira hamwe ataco bariko barakora. Ni mu gihe ababa hafi y’ahabereye igitero bo basaba indongozi mu gipolisi kongereza abajejwe umutekano na cane cane mu gihe c’ijoro.

Igitero co kuri uno wa gatatu kije gikurikira ikindi cagabwe mw'ijoro ry'itariki ya 10 rishira iya 11 ukwezi kwa gatanu guheze. Abantu babiri ni bo baguye muri ico gitero ca grenade cagabwe muri zone Kamenge ihana urubibe na Buterere. Ico gihe, amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse n’uko ikirabo catewe kinywerako abakozi b’iperereza na zimwe mu ntwazangabo z’igipolisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG